Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 19:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ntimuze muhumbe mu mirima y’imizabibu yanyu, canke ngo mutore izahungurukiyeyo: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 19:10
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko hazosigaramw’ uduhūmbga, nk’ uko dusigara ku giti ca elayo bamaze kukinyiganyiza, hosigarayo elayo tubiri canke dutatu mu bushorishori, cabure tune canke dutanu ku mashami y’inyuma y’igiti cāri kiregeje, ni k’Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, agize.


Kuk’ ukw ari ko bizomera mw isi hagati mu mahanga; bizomera nk’iyo banyiganyije igiti ca elayo, canke nk’uduhumbga tw’inzabibu iy’ iyimbura rishize.


Abamura inzabibu bogushikako, mbega hari n’uduhumbga tw’ inzabibu bogusigariza? Cank’ ibisuma vyogutahako mw ijoro ntivyokwoza uko bishaka?


Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi.


Ntimuze mwibe, ntimuze mugunge, canke ngo mubeshane.


Maze mu mwaka ugira gatanu abe ari ho mutangura kurya ku vyamye kuri vyo, kugira ngo birushirize kubāmira: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Kandi ni mwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, ntimuze muherengeteze rwose kwimbura ivyo ku mibari y’imirima yanyu, kandi ntimuze muhumbe uduhumbga twose iyo muriko murashwābūra.


Kandi ni mwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, ntimuze muherengeteze rwose gushwābūra ivyo ku mibari y’imirima yanyu, kandi ntimuze muhumbe uduhumbga tw’ivyo mwimbuye: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Mugabo, ivyo mu gihugu vyapfuye kwimeza mur’ ico gihe c’isabato yaco ni vyo bizoba ivyo kurya vyanyu, mwe n’abagurano banyu, n’abaguranokazi banyu, n’ abakozi banyu b’abacangero, n’ abanyamahanga baba muri mwebge;


Ewe kuntu ugeseye! Ibisuma vyokūzira, cank’ abambuzi mw ijoro, mbega ntibogusahura kugeza bīhāgije gusa? Cank’ abāmūzi b’inzabibu boza kuri wewe, mbega ntibosigaza uduhūmbga tw’inzabibu?


Mbonye ibara! Kuko mmeze nk’igihe c’iyerūra ry’amatunda yo mu ci, nk’uduhūmbga two mu ruzabibu: ata n’agahando ko kurya; umutima wanje wifuza agasukoni k’isega.


Ni mwimbura imirima yanyu, hakagira uwibagiriray’ umuganda, ntaz’ asubireyo kuwuzana: uzoba uw’ umunyamahanga cank’ uw’ impfuvyi cank’ uw’ umupfakazi; kugira ng’ Uhoraho Imana yanyu abahezagire mu bikorwa vyanyu vyose.


Muri mwebge iyo hagize ūja guhungurura ivyamye ku giti ciwe c’umwelayo, ntaz’ asubire gusesa mu mashami yawo ubugira kabiri: ibisigaye bizoba ivy’ umunyamahanga cank’ impfuvyi cank’ umupfakazi.


Kand’ iyo hagize ūja kwāmūra inzabibu mu ruzabibu rwiwe, ntaz’ asubiremwo guhūmba: izisigaye zizoba iz’ umunyamahanga cank’ impfuvyi cank’ umupfakazi.


Arabishura, ati Har’ ico nakoze gihwanye n’ ico mwakoze? Mbeg’ imizabibu Abefurayimu mwahumvye ntirengeye iy’ Ababiyezeri bimbuye?


Rusi wa Munyamowabukazi abarira Nawomi, ati Ndekura ngende mu bibuba mpūmbe uduhūmbga, nkurikire uwongirira ubuntu. Aramwishura, ati Genda, mukobga wanje.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ