Maze Isirayeli akiri mur’ ico gihugu, Reyubeni aragenda asambana na Biluha incoreke ya se: Isirayeli arabimenya. Nukw abahungu ba Yakobo bari cumi na babiri:
Basiribangira imitwe ya ba nyarucari mu mukungugu wo hasi, bakagoreka inzira z’abicisha bugufi; umwana na se binjirana umwigeme umwe, bagatukisha izina ryanje ryera.