7 Ntihaze hagire uwambika ubusa nyina, ni kwo kwambika ubusa se: uwo ni nyina, ntaz’ amwambike ubusa.
Enda dutereke data vino, turyamane na we, kugira ngo duhonore data.
Muri wewe bonona baka se; muri wewe bafata abagore bari mu miziro.
Ntihaze hagire uwo muri mwebge yēgēra uwo mu nzu yo hafi, ngw amwambike ubusa: nd’ Uhoraho.
Ūryamanye na muka se aba yambitse se ubusa: bompi ntibaze babure kwicwa: amaraso yabo ni bo azokora.
Umuntu ni yābīra umukobga na nyina, kizoba icaha gikomeye: az’ atabge mu muriro, ubgiwe na bo; kugira ngo ntihaze hagire icaha gikomeye kiba muri mwebge.
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūryamana na muka se, kukw aba yorosoye impuzu ya se. Abantu bose bitabirize, bati Amen.