6 Ntihaze hagire uwo muri mwebge yēgēra uwo mu nzu yo hafi, ngw amwambike ubusa: nd’ Uhoraho.
Batereka se vino mur’ iryo joro, umukuru aragenda, aryamana na se; se ntiyamenya ingen’ uwo mukobga yaje kuryama n’ingene yavyutse.
Muri wewe bonona baka se; muri wewe bafata abagore bari mu miziro.
Umuntu akorana ibizira n’ umugore w’umubanyi wiwe; uwundi yononesha ubushakanyi umukazana wiwe; uwundi wo muri wewe afata mushiki we basangiye se.
Uti Nuko muze mwitondere amabgirizwa yiwe, n’ivyagezwe vyiwe; umuntu azokora ivyo, ni vyo bizomubeshaho: nd’ Uhoraho.
shit’ uwo mu muryango wo hafi, nyina, canke se, cank’ umuhungu wiwe, cank’ umukobga wiwe, canke mukuru we, canke murumuna we,
ariko tubandikire ngo bareke ibihumanya vy’ibigirwamana, no gusambana, no kurya ibinizwe, bo n’amaraso.