Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 18:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Uti Nuko muze mwitondere amabgirizwa yiwe, n’ivyagezwe vyiwe; umuntu azokora ivyo, ni vyo bizomubeshaho: nd’ Uhoraho.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 18:5
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Wama ubahanura kugira ngo basubire gukurikira ivyagezwe vyawe, ariko bo bakagira ubgibone, ntibumvire ivyagezwe vyawe, bagacumura ku mabgirizwa yawe, kand’ ari yo abeshah’ umuntu iy’ ayitondeye; bagakūtsa ibitugu, bakagamika amazosi, bakanka kwumva.


yaramubariye, ati Nd’ Uhoraho: bgira Farawo umwami wa Egiputa ico nkubarira cose.


Nuko barira Abisirayeli yuko nd’ Uhoraho, kandi nzobakūra ku bikebere Abanyegiputa babakebera, mbakūre mu buja barimwo, mbacunguze ukuboko kuramvuye, n’ibihano bikomeye:


Mutege amatwi, muze kuri jewe; munyumve, ni ho ubugingo bganyu buzobaho; nanje nzosezerana namwe isezerano ritazoshira, ni ryo mbabazi Dawidi yasezeraniwe zitazovaho.


akagendera mu vyagezwe vyanje, akitondera amabgirizwa yanje ngw akore ivy’ ukuri; ben’ uyo aba ar’ umugororotsi, ntazobura kubaho, ni k’Umwami Uhoraho agize.


Maze mbaha amabgirizwa yanje, mbamenyesha n’ ivyagezwe vyanje, ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye.


Arikw ab’ inzu ya Isirayeli bārangararije bari mu bugaragwa: ntibāgendera mu mabgirizwa yanje, ariko bāgaye ivyagezwe vyanje, kand’ ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye; kandi n’amasabato yanje bārayaziruye rwose. Nuko rero nca mmaramaza ko ngiye kubasukak’ uburake bganje bari mu bugaragwa, mbaherengeteze.


Arikw abana babo na bo bārangararije; ntibāgendera mu mabgirizwa yanje, ntibakomeza ivyagezwe vyanje ngo bavyitondere, kand’ ari vyo bibeshah’ ūvyitondeye; bāzirūye amasabato yanje; nuko rero nca mvuga ko ngiye kubasukak’ uburake bganje, nkabīmarirakw ishavu mu bugaragwa.


Ntihaze hagire uwo muri mwebge yēgēra uwo mu nzu yo hafi, ngw amwambike ubusa: nd’ Uhoraho.


Kuko jewe Uhoraho ata ho mpinduka; ni co gituma, mwebge bana ba Yakobo, mutāmazwe rwose.


Aramubaza, at’ Umbariza iki iciza? Inziza n’Imwe. Arikw asangw’ ugomba kwinjira mu bugingo, witondere ivyagezwe.


Aramubgira, ati Wishuye neza, gira urtyo, uzogira ubugingo.


Mose yanditse, at’ Ūshishikara ukugororoka kuva ku vyagezwe ni kwo kuzomubeshaho.


kand’ ico cagezwe co kuzana ubugingo nakibona kinzanira urupfu.


Arikw ivyagezwe ntibiva ku kwizera, yamara ng’Ūzovyitondera ni vyo bizomubeshaho.


mukunde Uhoraho Imana yanyu, mumwumvire, mwifatanye na we akaramata, kukw ari we bugingo bganyu n’ukuramba kwanyu; kugira ngo mubone kuba mu gihugu yarahiye ba sogokuruza Aburahamu na Isaka na Yakobo, kw azokibaha.


Kand’ Uhoraho Imana yanyu azokūrah’ ukudakebga kwo mu mitima yanyu, n’ukwo mu mitima y’uruvyaro rwanyu, kugira ngo mumukundishe imitima yanyu yose, n’ubugingo bganyu bgose, mubone kubaho.


None rero, yemwe Bisirayeli, ni mwumvirize amabgirizwa n’ amatēka ashinzwe mbigisha, muvyitondere; kugira ngo mubone kubaho, mwinjire igihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabahaye, mucegukire.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ