22 Ntihaze hagire umugabo yenda uwundi mugabo bga mugore: n’ikizira.
Bahamagara Loti, baramubaza, bat’ Abagabo binjiye i wawe mur’ iri joro bari hehe? basohore, tubonone.
Mbere mur’ ico gihugu hāri n’abagabo bendana. Kandi bākora ibizira vyose abanyamahanga bākora, abo Uhoraho yirukanye imbere y’Abisirayeli.
Umugabo yenze uwundi mugabo bga mugore, bompi bazoba bakoze ikizira: ntibaze babure kwicwa: amaraso yabo ni bo azokora.
Ntimuzi yukw abagabitanya batazoragwa ubgami bg’Imana? Ntimuzimire: abashakanyi, cank’ abasenga ibigirwamana, cank’ abasambanyi, cank’ abagabo bendwa, cank’ abagabo bendana,
Ntihaze hagire ūjana mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu ibihērewe maraya, cank’ ibihērewe umugabo yendwa, ngw abishikishe isezerano iry’ ari ryo ryose: kukw ivyo vyompi ar’ ubuyobe k’Uhoraho Imana yanyu.
abashakanyi, abagabo bendana, abanyaga abantu bakabashōra, ababeshi, abarahira nabi, n’ibindi vyose birwanya ukwigisha kuzima,
Kandi n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora bo n’ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko bitanze bakīha ubusambanyi nka ba bandi, n’ukwendana, ukw imibiri itaremewe, ivyo bisagara vyashiriweho kuba akabarore, bibabazwa n’igihano c’umuriro utazima.
Bakiriko barījandajandira, haza abanyagisagara b’abanyangeso mbi, bakikiza iyo nzu impande zose, bakubitagura ku rugi, babarira uwo mutāma nyen’ urugo, bati Sohora uwo mugabo yinjiye i wawe, tumwonone.