16 Ntihaze hagire uwambika ubusa muramu we: kuk’ ubgambure bgiwe ar’ ubg’ uwo bavukana.
Umuntu ni yacikiza muka mwene nyina, bizoba ar’ ukwiyanduza: azoba yambitse ubusa mwene nyina; bazoba imponnyi.
bati Mwigisha, Mose yavuze ng’umuntu ni yapfa adasize abana, mwene nyina acūre umugore wiwe, ngw ahonore mwene nyina.
bati Mwigisha, Mose yatwandikiye yuko mwene nyina w’umuntu ni yapfa, agasiga umugore wiwe, adasize umwana, mwene nyina akwiye gucūra uwo mugore, ngw ahonore mwene nyina.
Kuko Herode ubgiwe ari we yari yatumye ngo bafate Yohana, aramuboha, amushira mw ibohero, kubga Herodiya muka Filipo mwene se, kuko Herode yamucikije.
maz’ ahishutse umwami Herode ku vya Herodiya muka mwene se, no ku vy’ ibindi bibi vyose Herode yakoze,
Abavukana babana, umwe ni yapfa adasize umuhungu, umugore w’uyo apfuye ntaz’ acūrwe n’ uw’ ahandi, ariko muramu we az’ abe ari we amwābīra, amucūre, amugirire ibikwiye muramu w’ umuntu.