13 Ntihaze hagire uwambika ubusa nyinabo, kukw avukana na nyina.
Ntihaze hagire uwambika ubusa inasenge, kukw avukana na se.
Ntihaze hagire uwambika ubusa se wabo, ngo yegere umugore wiwe, kukw ari nka nyina.
Kandi ntihaze hagire uwambika ubusa nyinabo canke inasenge: ūzokora artyo azoba yambitse ubusa bene wabo: bazogībgako n’ukugabitanya kwabo.