12 Ntihaze hagire uwambika ubusa inasenge, kukw avukana na se.
Amuramu arongora Yokebedi inasenge: bavyarana Aroni na Mose; imyaka Amuramu yamaze n’ijana na mirongwitatu n’indwi.
Ntihaze hagire uwambika ubusa umukobga wa muka se, basangiye se: uwo ni mushikiwe, ntaz’ amwambike ubusa.
Ntihaze hagire uwambika ubusa nyinabo, kukw avukana na nyina.
Kandi ntihaze hagire uwambika ubusa nyinabo canke inasenge: ūzokora artyo azoba yambitse ubusa bene wabo: bazogībgako n’ukugabitanya kwabo.