Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 17:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Uwo muherezi aheze amije amaraso ku gicaniro canje kiri ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, yose ibinure ngo bibe umubabge ummotera neza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 17:6
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze wābīre urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ ibinure bifashe kuri yo, uvyosereze ku gicaniro.


Uheze wosereze ivy’ iyo ntama vyose ku gicaniro: kizoba ar’ ikimazi noserejwe, jewe Uhoraho, n’umubabge umota neza, ikimazi nshikaniwe, gitōngōwe n’umuriro.


Arikw abaherezi b’Abalewi, bene Sadoki, bāsigaye bitondera ivyo bājejwe vy’ahēra hanje igihe Abisirayeli bāzimira bakanta, abo bo bazonyegēra kugira ngo bankorere; bazohagarara imbere yanje bampēreza ibinure n’amaraso, ni k’Umwami Uhoraho agize:


Ivyo n’ukugira ngw Abisirayeli baze bazane ibimazi vyabo, ivyo bahora batangira mu gahinga, babinzanire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, babihe umuherezi, babinshikanire kw ibimazi vy’ishimwe.


Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa nshikaniwe jewe Uhoraho, zitōngōrwa n’umuriro.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yayo ku gicaniro impande zose.


Umuherezi aheze avyosereze ku gicaniro: ivyo bizoba bibaye imfungurwa, ari ryo shikanwa ritōngōrwa n’umuriro, ngo ribe umubabge umota neza; ibinure vyose bizoba ivyanje.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere ku muryango w’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni abaherezi baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Bene Aroni baheze bavyosereze ku gicaniro, babigeretse ku kimazi coswa kiri ku nkwi ziri ku muriro: ivyo bizoba ikimazi gitōngōrwa n’umuriro, umubabge ummotera neza.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere imbere y’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.


Arik’ uburiza bg’ inka canke bg’intama canke bg’ impene, ntuze wāke incungu zabgo: izo zizoba izera; uz’ umije amaraso yazo ku gicaniro, wose ibinure vyazo kuba ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro, bimbere umubabge ummotera neza, jewe Uhoraho.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ