Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 17:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 atakizanye ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, ngw akinshikanire kw ishikanwa, imbere y’ihema ryanje, uwo muntu azogībgako n’ayo maraso: mber’ azoba avishije amaraso: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 17:4
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi ni hagira izinamuhungu atākebge ku munwa w’ico yambariye, az’ arandurwe mu bgoko bgabo: kukw azoba yishe isezerano ryanje.


Hahirwa umuntu Uhoraho adaharūrak’ ukugabitanya, Umutima wiwe ntubemw’ ubugunge.


Muze mumare imisi ndwi murya imitsima itambiwe; ku musi w’intangamarāra muze mukūre umwambiro n’icambiwe cose mu mazu yanyu; kuk’ umuntu azorya ku mutsima wambiwe, uhereye ku musi w’ intangamarāra ugashitsa ku musi ugira indwi, uwo muntu az’ acibge mu Bisirayeli.


Mur’ iyo misi ukw ar’ indwi ntihaze haboneke umwambiro mu mazu yanyu: umuntu azorya icambiwe, aracibga mw ikoraniro ry’Abisirayeli, naho yoba umunyamahanga cank’ uw’ imvukira yo mu gihugu canyu.


Umuntu wese azovanga āhwanye na yo, canke ngw ayasuke k’ūtar’ umuherezi, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.


Umuntu wese azokera īhwanye na yo, ngw az’ ayīmotereze, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.


Ūkerera inka, ahwanye n’uwica umuntu; ūtanga umwagazi w’ intama kw ikimazi, ahwanye n’ ūvuna imbga izosi; ūshikana ishikanwa ry’amafu, ahwanye n’ ūzanye amaraso y’ingurube; uwosa imibavu, ahwanye n’ūhezagira ikigirwamana. N’ukuri koko bitoranirije inzira zabo ubgabo, imitima yabo ihimbarwa n’ ibizira vyabo vy’ubuyobe.


Kuko ku musozi wanje wera, ari wo musozi muremure w’i Bgisirayeli, ni k’ Umwami Uhoraho agize, ari ho ab’ inzu ya Isirayeli bose, n’abari mu gihugu bose bazoza kunsaba: aho ni ho nzobākīrira neza, ni ho nzobatumira amashikanwa, n’umushuzo w’imperezwa zanyu, n’ ibintu vyanyu vyose vyejejwe.


Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Kuk’ ubugingo bg’icaremwe cose ar’ amaraso yaco; ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntimuze mwigere mugeza mu kanwa icitwa amaraso y’icaremwe ic’ ari co cose, kuk’ ubugingo bg’icaremwe cose ar’ amaraso yaco: ūzoyageza mu kanwa wese az’ acibge.


Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli azobāgira inka cank’ umwana w’intama cank’ impene aho mushagaje, cank’ inyuma yaho,


Ivyo n’ukugira ngw Abisirayeli baze bazane ibimazi vyabo, ivyo bahora batangira mu gahinga, babinzanire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, babihe umuherezi, babinshikanire kw ibimazi vy’ishimwe.


atakizanye ku muryango w’ihema ry’ibonaniro kukinshikanira, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Kuk’ umuntu wese azogira ico akora na kimwe mur’ ivyo vyose bizira, abazobikora bose bazorandurwa bakūrwe mu bgoko bgabo.


Kand’ umugore cank’ umukobga ni yegera igitungano, akaryamana na co, muze mumwicane na co: ntibize bibure kwicwa: amaraso yavyo ni vyo azokora.


Umuntu ni yaryamana n’umugore akiri mu muhango wiwe, akamwambika ubusa, azoba yambitse ubusa isōko yiwe, na wa mugore azoba atwikuruye iyo sōko y’amaraso yiwe: bompi baze barandurwe mu bgoko bgabo.


Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.


Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere ku muryango w’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni abaherezi baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Ariko ni haramuka hagize inyama z’ico kimazi ciwe c’ishimwe ziribga ku musi ugira gatatu, ntikizoba kicemerwa, uwagitanze ntikizoba kikimuharūrwako: kizoba kibaye ikizira, ūkiriyeko azogībgako n’ukugabitanya kwiwe.


Nuko Yesu yongera kubabgira, ati N’ukuri, n’ukuri ndababgire: Ni jewe rembo ry’intama.


Ni jewe rembo, kand’ ūshika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka icanya.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe nzira n’ukuri n’ubugingo: nta wushika kuri Data ntamujanye.


nk’uko Dawidi na we yavuze ubuhīrwe bg’umuntu uwo Imana iharūra nk’ūgororotse, atari kubg’ ibikorwa,


ivyagezwe bitarabaho, icaha cari mw isi, arikw abantu ntibāharūrwakw icaha, ivyagezwe bitariho.


Arikw ivyagezwe vyaje na vyo, kugira ngo gucumura kugwīre: yamara, ah’ icaha cagwiriye ni ho ubuntu bg’Imana bgarushirije kugwira,


Bat’ Uhoraho, harira abantu bawe Abisirayeli, abo wacunguye, kandi ntubahōre amaraso y’uwazize ubusa. Uko ni ko bazoharirwa ayo maraso,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ