3 Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli azobāgira inka cank’ umwana w’intama cank’ impene aho mushagaje, cank’ inyuma yaho,
Kand’ ico gihe abantu bātangira ibimazi ku mpinga z’ imisozi; kuko gushitsa ico gihe ata ngoro bāribgubakire izina ry’ Uhoraho.
Kand’ umuntu wese azorya icipfiriye cank’ ikirangara, ar’ imvukira cank’ umunyamahanga, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ni h’azoba ahumanutse.
ati Barira Aroni n’abana biwe n’Abisirayeli bose, ut’ Ibi ni vyo ashinze:
atakizanye ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, ngw akinshikanire kw ishikanwa, imbere y’ihema ryanje, uwo muntu azogībgako n’ayo maraso: mber’ azoba avishije amaraso: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.
Kand’ ubabarire, ut’ Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azotanga ikimazi co kwoswa cank’ ikimazi kindi,
Aheze arambike ikiganza mu ruhanga rw’iryo shikanwa ryiwe ry’ikimazi, agikererere ku muryango w’ihema ry’ibonaniro: bene Aroni abaherezi baheze bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.