12 Ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntihaze hagire umuntu azokwigera ageza mu kanwa icitwa amaraso, ar’ uwo muri mwebge, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.
Kand’ umuntu wese wo mu Bisirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azogira ico afata ari guhīga, ar’ igikōko, ar’ igisīga, cank’ inyoni, mu vyemerwa kuribga, amaraso yaco az’ ayareke amiminukire hasi, ayarenzekw ivu.