Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 17:11 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

11 Kuk’ ubugingo bg’umubiri buba mu maraso, nanje nshinze kw aba ku gicaniro kubganyu, ngw abe impongano y’ubugingo bganyu: kukw amaraso ar’ impongano, kubg’ ubugingo buri muri yo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 17:11
24 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo, ni bgo maraso yazo.


Aheze akererere iyo masa imbere yanje, bene Aroni abaherezi bazane amaraso yayo, bayahereze, bayamijagire impande zose ku gicaniro co ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe, akerere iyo masa y’ikimazi c’ivyaha yitangiriye.


Ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntihaze hagire umuntu azokwigera ageza mu kanwa icitwa amaraso, ar’ uwo muri mwebge, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.


Kuk’ ubugingo bg’icaremwe cose ar’ amaraso yaco; ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntimuze mwigere mugeza mu kanwa icitwa amaraso y’icaremwe ic’ ari co cose, kuk’ ubugingo bg’icaremwe cose ar’ amaraso yaco: ūzoyageza mu kanwa wese az’ acibge.


Umuherezi aheze yābirize urutoke ku maraso y’ico kimazi gitangiwe ivyaha, ayasīge ku mahembe y’igicaniro co kwoserezakw ibimazi, ayandi maraso yaco ayavyagize hasi hambavu y’ico gicaniro.


Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.


Mose arayikerera, yābīra amaraso yayo, ayasīgisha urutoke ku mahembe y’igicaniro impande zose, aragihumanura, araheza avyagiza ayo maraso hasi hambavu y’igicaniro, acezesha kugitangira impongano.


nk’uk’ Umwana w’umuntu atāzanywe no gukorerwa, atar’ ugukorera abandi, no gutanga ubugingo bgiwe kw incungu ya benshi.


kukw iki ar’ amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi ngo baharirwe ivyaha.


Arababarira, at’ Ico n’amaraso yanje y’isezerano, aviriye benshi.


uwo Imana yashizeho kuba impongano y’uwizera, ayigirwa n’amaraso yiwe, kugira ngw Imana yerekane ukugororoka kwayo, kuko yirengagije ivyaha vyakozwe kera kubg’ imbabazi zayo;


Nuko none tumaze gutsindanishirizwa n’amaraso yiwe, tuzorushiriza guheshwa na we gukizwa uburake bg’Imana.


Muri we ni ho duhērwa gucungurwa n’amaraso yiwe, ni kwo guharirwa ibicumuro vyacu, nk’ukw itunga ry’ubuntu bgayo riri,


Mugabo, muze mwirinde ntimurye ubuseri, kukw amaraso ari yo bugingo: ntimukarye inyama zikirimw’ ubugingo bgazo.


Mur’ uwo ni ho dufise ugucungurwa, ni kwo guharirwa ivyaha vyacu.


kandi yahimbawe no kumuha kwuzuza vyose na yo, ar’ ivyo mw isi, ar’ ivyo mw ijuru, izanishije impore amaraso yo ku musaraba wiwe.


Ni co catumye na Yesu ababarizwa inyuma y’irembo, kugira ngo yezeshe abantu ayiwe maraso.


Nk’ukw ivyagezwe biri, ibintu ni nka vyose vyozwa n’amaraso, kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha.


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


kand’ uwo ni we mpongano y’ivyaha vyacu, mugabo s’iy’ ivyacu twenyene, ariko n’iy’ ivy’ abari mw isi bose.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ