Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 16:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Aroni aheze apfindire izo mpene zompi: ubupfindo bumwe bgerekane iyanje, ubundi bgerekane iyo gusendwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 16:8
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Utwo bapfindisha baduterera mu mpuzu zo mu gikiriza, Arik’ uko bigenda kwose bigerwa n’Uhoraho.


Ico ni co gihugu muzogaburira imiryango y’Abisirayeli ngo bacegukire, mukigaburishije ubupfindo, kand’ iyo ni yo migabane yabo umwe‐umwe, ni Uhoraho agize.


Arikw imwe yerekanywe kw ar’ iyo gusendwa, ihagarikwe imbere yanje ikidora, kugira ngo yaturirwekw ivyaha, irungikwe kuba iyo gusenderwa mu bugaragwa.


Uwagiye gushibura ya mpene yasenzwe, amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje.


Maz’ azane za mpene zompi, azihagarike imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Maze yīgize hafi iyo mpene yerekanywe n’ubupfindo kw ar’ iyanje, ayigerere kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha.


Bose baravugana, bati Ni muze dupfinde, tumenye ūtumye duterwa ibi vyago uw’ari we. Nuko barapfinda, ubupfindo bgerekana Yona.


Arikw ico gihugu kize kigabuzwe ubupfindo; nk’ukw amazina y’imiryango ya ba sekuruza ari, az’ abe ari ko bahegukira.


Kandi muzokwegurirwa ico gihugu n’ubupfindo, nk’ukw imiryango yanyu iri; umuryango munini muze muwuhe ishamvu nini, umutoya muze muwuhe ishamvu ntoya; ah’ ubupfindo buzokubitira umuntu amabango az’ abe ari ho haba ahiwe; muze mwegukire ahanyu nk’ukw imiryango ya ba sogokuruza iri.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ