7 Maz’ azane za mpene zompi, azihagarike imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.
Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.
Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe.
Aroni aheze apfindire izo mpene zompi: ubupfindo bumwe bgerekane iyanje, ubundi bgerekane iyo gusendwa.
Azane iyo masa ku muryango w’ihema ry’ibonaniro imbere yanje, arambike ikiganza mu ruhanga rwayo, ayikererere imbere yanje.
Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.
Nuko bene Data, ndabahanūra kubg’ imbabazi z’Imana, ngo mutange imibiri yanyu ibe ibimazi bizima vyera, bihimbara Imana, ni kwo kuyikorera kwanyu kwogira ikimazi.