ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe;
Mutange n’impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha; muze muvyongere ku kimazi gitangirwa ivyaha c’impongano, no kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu bigendanye, no ku mashikanwa y’ibiturire agendanye na vyo.