Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 16:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yambare ya kanzo yejejwe yera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; akenyeze wa mukanda wera derere, yambare na ca gitambara cera derere mu mutwe; iyo ni yo myambaro yejejwe: nukw abanze kwiyuhagira, aheze ayambare.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 16:4
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uz’ ujishishirize Aroni mukurwawe imyambaro, iz’ ibe iyejejwe, yo kumutera icubahiro no kumushariza.


Kandi Aroni n’abana biwe uz’ ubazane ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, ubūhagirireho.


Iyo bagiye kwinjira mw ihema ry’ibonaniro, baze bakarabe, boge, kugira ngo ntibapfe, n’iyo bagiye kwegera igicaniro guhereza, ngo banyosereze ibimazi bitōngōrwa n’umuriro.


Uheze uzane Aroni n’abana biwe ku muryango w’iryo hema ry’ibonaniro, ubuhagire.


Kuko yakuriye imbere yiwe nk’ikironge, kandi nk’agashami kava mw ivu rigadutse. Ntiyar’ afise ishusho nziza cank’ igikundiro, kand’ aho twamubona ntiyar’ afise ubgiza bgotumye tumwifuza.


Kandi ni basohoka bagashika mu ntangaro, ngo bēgēre abantu bariyo, baze babanze biyambure imyambaro iyo bambara bahereza, bayibīke mu vyumba vyera; maze bambare iyindi myambaro kugira ngo boye kwezesha abantu imyambaro yabo.


Nuko haza abantu batandatu baciye mu nzira yo mu kirimba co haruguru cārābana n’i burārūko, umuntu wese afise ikirwanishwa c’icicanyi mu kuboko kwiwe; kandi hagati muri bo har’ umuntu yambaye impuzu zera, afise agahembe karimwo wino yo kwandikisha, akambaye kw itako. Nuko baraza, bahagarara i ruhande y’igicaniro c’umuringa.


Aroni yinjire mw ihema ry’ ibonaniro, yambure ya myambaro yera derere, iyo yari yambaye igihe yinjira Ahēra, ayisigeyo.


Aheze yiyuhagirire ahantu hēra, yambare imyambaro yahorana, asohoke, yitangire ikimazi ciwe ubgiwe co kwoswa, atangire n’abantu icabo, yihongere ubgiwe, ahongere n’abantu.


Kand’ umuherezi azorobanuzwa amavuta, akarobanurirwa ubuherezi mu gishingo ca se, az’ abe ari we abatangira impongano, yambaye ya myambaro yera derere, ari yo myambaro yejejwe;


Maz’ umuherezi yambare wa mwambaro wiwe wera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; aheze ayore umunyota w’ ikimazi coshejwe, ic’ umuriro watōngōreye ku gicaniro, awufashe i ruhande y’igicaniro.


cank’ akabona icazimiye, akakigunga, akakirahira ibinyoma; ni hagira ikintu na kimwe mur’ ivyo vyose umuntu azokora, agakora icaha ubgo buryo;


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


ariko yīsiga ubusa, yābīra ishusho y’umugurano, acika ūsa n’abantu.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


Nuko rero, kukw abana bahūje inyama n’amaraso, na we ubgiwe yahūje ivyo na bo, kugira ngw abone ukw apfa, kand’ urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi,


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ