Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 16:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ico kize kibabere icagezwe c’intahava, yukw azokwama atangira Abisirayeli impongano kubg’ ivyaha vyabo vyose, rimwe gusa uk’umwaka utashe. Nuko Aroni agenza nk’ uk’ Uhoraho yabariye Mose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 16:34
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Aroni az’ ahongere ico gicaniro rimwe gusa mu mwaka; amaraso y’ikimazi c’impongano gitangirwa ivyaha az’ ayakoze ku mahembe yaco, abe ari yo akibera impongano rimwe gusa mu mwaka, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana: ico gicaniro kizoba icera cane, cerejwe jewe Uhoraho.


Mose yitegereza ivyo bākoze vyose, asanga barabiroranije; nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze, ni ko bābikoze: Mose arabahezagira.


Uhoraho abarira Mose, ati Barira Aroni mukurwawe, yoye kwama yinjira, igihe yigombeye cose, ngw aje Ahēra, hirya ya ca gihuzu gikinze, imbere ya wa mutemere wo guhongerako urumitse kuri ya sandugu hejuru, kugira ngo ntapfe; kuko nzoserukira kur’ uwo mutemere wo guhongerako ndi muri ca gicu.


Ntimuze mugire igikorwa na kimwe mukora kur’ uwo musi, kukw ar’ umusi w’ impongano, aho muzotangirwa impongano imbere yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu.


Ntimuze mugire igikorwa na kimwe mukora: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava mu ngo zanyu zose, no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana.


Nuko Mose abarira Abisirayeli, bajana uwatukanye inyuma y’aho bashagaje, bamwicisha amabuye. Abisirayeli bakora nk’uk’ Uhoraho yabariye Mose.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Ku musi w’icumi w’ukwo kwezi kw’indwi muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; muze mwame muwibabazako, kandi ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako;


Kukw ikimazi kimwe ari co yatunganishije rwose abezwa, ukazoshitsa ibihe bidashira.


Ariko mur’ ivyo bimazi har’ icibukiriza ivyaha uk’ umwaka utashe.


Kandi ntiyashikanyweyo no kwitanga kenshi, nk’uk’ umuherezi mukuru yinjira ahēra cane uk’ umwaka utashe, ajanye amaraso atar’ ayiwe;


ariko mu rya kabiri hinjiramw’ umuherezi mukuru wenyene, rimwe gusa uk’ umwaka utashe, ariko ntiyinjiramwo atajanye amaraso yo kwitangirira no gutangirira ubuzimuzimu bg’abantu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ