32 Kand’ umuherezi azorobanuzwa amavuta, akarobanurirwa ubuherezi mu gishingo ca se, az’ abe ari we abatangira impongano, yambaye ya myambaro yera derere, ari yo myambaro yejejwe;
Yambare ya kanzo yejejwe yera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; akenyeze wa mukanda wera derere, yambare na ca gitambara cera derere mu mutwe; iyo ni yo myambaro yejejwe: nukw abanze kwiyuhagira, aheze ayambare.