23 Aroni yinjire mw ihema ry’ ibonaniro, yambure ya myambaro yera derere, iyo yari yambaye igihe yinjira Ahēra, ayisigeyo.
Abaherezi iyo binjiye ahēra, ntibaze baveyo ngo baje mu ntangaro, badasizey’ imyambaro yabo y’ubuherezi, kukw ar’ iyera; ariko bambare iyindi myambaro, babone kwegerana n’abantu.
Kandi ni basohoka bagashika mu ntangaro, ngo bēgēre abantu bariyo, baze babanze biyambure imyambaro iyo bambara bahereza, bayibīke mu vyumba vyera; maze bambare iyindi myambaro kugira ngo boye kwezesha abantu imyambaro yabo.
Iyo mpene igende yikoreye ibigabitanyo vyabo vyose, ibijane ahataba abantu; uwo muntu ayishiburire mu bugaragwa.
Yambare ya kanzo yejejwe yera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; akenyeze wa mukanda wera derere, yambare na ca gitambara cera derere mu mutwe; iyo ni yo myambaro yejejwe: nukw abanze kwiyuhagira, aheze ayambare.
Maze yambure iyo myambaro yiwe, yambare iyindi, aheze aje gusēsa uyo munyota inyuma y’aho mushagaje, ahantu hadahumanye.
Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,
na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.