22 Iyo mpene igende yikoreye ibigabitanyo vyabo vyose, ibijane ahataba abantu; uwo muntu ayishiburire mu bugaragwa.
Ntiyatugiriye ibihwanye n’ ivyaha vyacu, Ntiyadushubirije mu nkōko ibihwanye n’ibigabitanyo vyacu.
Nk’ukw i burasirazuba hitanguye i burengerazuba, Uko ni ko yashize kure ibicumuro vyacu.
Ibicumuro vyiwe vyose yacumuye nta na kimwe kizokwibukwa ngo gishirwe kuri we; azobeshwaho n’uko yakoze ivy’ ukugororoka.
Utek’ uryamire urubavu rwawe rw’i bumoso, ururemeke ibigabitanyo vy’inzu ya Isirayeli: ukw igitigiri c’imisi uzoruryamira kingana, ni k’uzokwishirakw ibigabitanyo vyabo.
Aheze ayacucagire ibihetangabo ndwi kur’ uwo nyene guhumanurwa ngw avekw imibembe, avuge kw ahumanutse, arekurire iyo nyoni idora mu gahinga.
Uwo Aroni aheze arambike ibiganza vyiwe vyompi mu ruhanga rw’iyo mpene idora, ayaturirekw ibigabitanyo vy’Abisirayeli vyose, n’ ibicumuro vyabo vyose, n’ivyaha vyabo vyose; abiremeke mu ruhanga rw’iyo mpene, ayihe umuntu yari yibangikanije, ayijane mu bugaragwa.
Aroni yinjire mw ihema ry’ ibonaniro, yambure ya myambaro yera derere, iyo yari yambaye igihe yinjira Ahēra, ayisigeyo.
Uzoduhindukirira utugirire ikigongwe; uzosiribangira ibigabitanyo vyacu musi y’ ibirenge vyawe: kand’ uzoterera ivyaha vyacu vyose i bgina mu kiyaga.
Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.
Kristo yaducunguye umuvumo w’ivyagezwe, yacitse ikivume kubgacu; kuko handitswe ngw Azoba avumwe umuntu wese amanitswe ku giti:
na Kristo n’uko, yamaze gutangwa rimwe ngo yishirekw ivyaha vya benshi, azoboneka ubga kabiri, atazanywe n’ivyaha, abonekere gukiza abamwiteze.
Ubgiwe yikoreye ivyaha vyacu mu mubiri wiwe, abambge ku giti, kugira ngo dupfuye ku vyaha tubeho ku kugororoka; inguma ziwe ni zo zabakijije.