Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 16:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 Uhoraho abarira Mose, ati Barira Aroni mukurwawe, yoye kwama yinjira, igihe yigombeye cose, ngw aje Ahēra, hirya ya ca gihuzu gikinze, imbere ya wa mutemere wo guhongerako urumitse kuri ya sandugu hejuru, kugira ngo ntapfe; kuko nzoserukira kur’ uwo mutemere wo guhongerako ndi muri ca gicu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 16:2
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Haruguru imbere mur’ iyo ngoro ahōmeka imbaho z’ amasederi kumara amatambge mirongwibiri, uhereye hasi ugashitsa ku myaro; aho hantu imbere haruguru arahakīngīra kugira ngo habe ahantu hiherereye, habe Ahēra Cane.


Maz’ abaherezi binjiza iyo sandugu y’isezerano ry’Uhoraho, bayishikana ahayo, haruguru mu ngoro, ari ho Hēra Cane, musi y’amababa y’abakerubi;


bituma abaherezi badashobora guhagararayo ngo bahereze kubg’ ico gicu, kuk’ ubgiza bg’Uhoraho bgari bguzuye mur’ iyo ngoro yiwe.


Aroni az’ ahongere ico gicaniro rimwe gusa mu mwaka; amaraso y’ikimazi c’impongano gitangirwa ivyaha az’ ayakoze ku mahembe yaco, abe ari yo akibera impongano rimwe gusa mu mwaka, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana: ico gicaniro kizoba icera cane, cerejwe jewe Uhoraho.


iyo mibavu ayishire kur’ uwo muriro aho nyene imbere yanje, kugira ng’ umwotsi w’iyo mibavu utwīkīre wa mutemere wo guhongerako, uri hejuru ya vya Bishinga intahe, kugira ngo ntapfe.


Ico kize kibabere icagezwe c’intahava, yukw azokwama atangira Abisirayeli impongano kubg’ ivyaha vyabo vyose, rimwe gusa uk’umwaka utashe. Nuko Aroni agenza nk’ uk’ Uhoraho yabariye Mose.


at’ Umusi ugira icumi w’ukwo kwezi nye ne kw’indwi ni wo musi w’impongano: uz’ ubabere uwo gukorana kwera, muze mwame mwibabaza, kandi muze muwunshikanirekw ikimazi gitōngōrwa n’umuriro.


Ku muryango w’ihema ry’ibonaniro abe ari ho mumara imisi ndwi ku murango no mw ijoro, mwitondera ivyo Uhoraho yabajeje, kugira ngo ntimupfe: kuk’ uko ari ko nabariwe.


Uhoraho abarira Mose, ati Subiza inkoni ya Aroni imbere ya vya Bishinga intahe, kugira ngw ibīkirwe kubera ba bagarariji ikimenyetso: ubone guherengeteza imyidodombo yabo banyidodombera, boye gupfa.


Kandi nawe hamwe n’abana bawe muze mwitondere ivy’ubuherezi bganyu ku vy’igicaniro vyose no ku bir’ imbere ya ca gihuzu gikingīra Ahēra cane; ivyo abe ari vyo muzokora; mbahaye igikorwa c’ubuherezi bga ngabire: arik’ uwundi wese atar’ uwo muri mwebge yovyēgēra akavyitamwo, aze yicwe.


ariko muze mwame mubagirira murtya, kugira ngo babeho ntibapfe, igihe bazokwēgēra ivyēra cane: Aroni n’abana biwe binjire, babagerere umuntu wese igikorwa ciwe n’umutwaro wiwe.


Iyo hageze guhaguruka ngo mugende, Aroni yinjirane n’abana biwe, bamanure igihuzu gikingīra Ahēra cane, bagitwikirize isandugu y’Ibishinga intahe;


Igihuzu gikingiriye ahēra cane h’urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi; isi iratigita; ibitandara birasaduka;


Ivyo vyizigiro tubifise nk’ikizirika umutima kigumye, gikomeye, cinjira hirya y’igihūzu gikīngiriye ahēra cane,


Kandi ntiyashikanyweyo no kwitanga kenshi, nk’uk’ umuherezi mukuru yinjira ahēra cane uk’ umwaka utashe, ajanye amaraso atar’ ayiwe;


Kandi hirya y’igihuzu ca kabiri gikinze, hār’ ihema ryitwa Ahēra Cane:


Kandi hejuru yayo hār’ abakerubi b’ubgiza bateye igitūtu umutemere wo guhongerako: ivyo ntidushobora kubidonda kimwe‐kimwe nonaha.


Rwa rusengero rwuzura umwotsi uva mu bgiza bg’Imana no mu bushobozi bgayo, kandi nta washoboye kwinjira mur’ urwo rusengero, gushitsa aho vya vyago ndwi vy’abo bamarayika ndwi vyaheraherejwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ