Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 16:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 iyo mibavu ayishire kur’ uwo muriro aho nyene imbere yanje, kugira ng’ umwotsi w’iyo mibavu utwīkīre wa mutemere wo guhongerako, uri hejuru ya vya Bishinga intahe, kugira ngo ntapfe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 16:13
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uheze urumye uwo mutemere wo guhongerako kuri ya sandugu, uyishizemwo vya Bishinga intahe nzoguha.


yambare Aroni n’ abana biwe, uko bagiye kwinjira mw ihema ry’ibonaniro, cank’ uko bagiye kwegera igicaniro ngo bakorere Ahēra; kugira ngo ntibagībgeko n’ibigabitanyo, bagapfa: ico kize kimubere icagezwe c’intahava, bo n’uruvyaro rwiwe uko ruzogenda rukurikirana.


Kand’ uz’ ubāze igicaniro co kwoserezakw imibavu: ukibāze mu giti citwa umushita.


Ni co gituma bakwiye kwitondera ibgirizwa ryanje, boye kwikwēgera icaha kubgaryo, rikabicisha, kuko bazoba bahumanije ivyejejwe: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Nuk’ umuntu wese muri bo yābīra icotero ciwe, agishiramw’ umuriro, agerekakw imibavu, bahagararana na Mose na Aroni ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Mose abarira Aroni, at’ Abīra icotero cawe, ugishiremw’ umuriro uwukūye ku gicaniro, ugerekekw imibavu, ukijane n’ingoga mw ishengero, ubahongere: kuko haje uburake buvuye k’Uhoraho, ikīza kikaba gitanguye gutēra.


ejo muze mubishiremw’ umuriro, mugerekeko n’imibavu, aho nyene imbere y’Uhoraho: maz’ umuntu Uhoraho azotoranya ni we azoba ar’ uwera. Ivyanyu biratunaniye, namwe mwa Balewi!


Maze Aroni n’abana biwe ni baheza gutwikira ivy’ Ahēra n’ibintu vyaho vyose, igihe hageze guhaguruka ngo mugende, hanyuma aba Kohati babone kuza kubirerura; ariko ntibaze bakore ku vyēra, kuko bopfa. Ivyo ni vyo aba Kohati bagerewe kurerura vyo mu vy’ihema ry’ibonaniro.


Ariko bo ntibakinjire ngo bītegereze ivyēra, ntibakabikubite n’ijisho, kuko bopfa.


Bazokwigisha aba Yakobo amatēka washinze, Bigishe Abisirayeli ivyagezwe vyawe. Bazokumotereza imibavu, Bakwosereze ibimazi bidasonōye ku gicaniro cawe.


Ni co gituma ashobora gukiza rwose abashikīra Imana kubgiwe, kuko na ntaryo yamaho ngw abasabire.


Kuko Kristo atinjiye ahēra cane hākozwe n’intoke, h’ikigereranyo c’ah’ ukuri, ariko yinjiye mw ijuru ubgaho, kugira ngo non’ aduserukire imbere y’inyonga z’Imana.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ