Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 16:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Yābire icotero, acuzuze amakara y’umuriro akūye ku gicaniro aho nyene imbere yanje, agende yujuje amashi imibavu iseye igogōye, y’ ibintu bimoga, avyinjize hirya ya ca gihuzu;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 16:12
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya mibavu y’ibintu bimoga yo kwosereza Ahēra: ivyo vyose baze babikore nk’uko nyene ndabikugeze.


Atunganya amavuta yera yo kurobanuza abahabga ibango, n’ imibavu iroranye y’ibintu bimoga, abikora nk’umuhinga yabimogoreye.


Nadabu na Abihu, bene Aroni, bābīra ivyotero vyabo, bashiramw’ umuriro, bashirakw imibavu, bayosereza Uhoraho ku muriro urahuwe ahandi, uwo atabageze.


Nuk’ umuntu wese muri bo yābīra icotero ciwe, agishiramw’ umuriro, agerekakw imibavu, bahagararana na Mose na Aroni ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Mose abarira Aroni, at’ Abīra icotero cawe, ugishiremw’ umuriro uwukūye ku gicaniro, ugerekekw imibavu, ukijane n’ingoga mw ishengero, ubahongere: kuko haje uburake buvuye k’Uhoraho, ikīza kikaba gitanguye gutēra.


Bazokwigisha aba Yakobo amatēka washinze, Bigishe Abisirayeli ivyagezwe vyawe. Bazokumotereza imibavu, Bakwosereze ibimazi bidasonōye ku gicaniro cawe.


mbeg’ amaraso ya Kristo, uwo yitanze ku Mana atagira agasembga, abitewe na Mpwemu ahoraho, ntazorushiriza guhumanura imitima yanyu ngw ibikorwa vy’impfagusa biyivemwo, kugira ngo mubone ingene mukorera Imana nzima?


ariko mu rya kabiri hinjiramw’ umuherezi mukuru wenyene, rimwe gusa uk’ umwaka utashe, ariko ntiyinjiramwo atajanye amaraso yo kwitangirira no gutangirira ubuzimuzimu bg’abantu.


Ariko tugendeye mu muco, nk’uko na yo iri mu muco, tuba dufatanije ubgacu, kand’ amaraso ya Yesu Umwana wayo atwoza icaha cose.


Umumarayika ajana icotero, acuzuza umuriro wo ku gicaniro, ashiburira mw isi: habah’ imituragaro n’amajwi n’imiravyo no gutigita kw’isi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ