4 Uburiri bgose umunyagisokoro aryamyeko buzoba buhumanye, n’ikintu cose yicayeko kizoba gihumanye.
Uku ni kwo kuzoba guhumana kwiwe gutewe n’ico gisokoro ciwe: ni yaba agenda arajejeta cank’ azibiye, aba ahumanye.
Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Ntimuzimire: kubana n’ababi kwonona ingeso nziza.
kandi ntimugafatanye n’ibikorwa birumvye vy’umwiza, ariko cane‐cane mubiserure,
Ku badahumanye nta gihumanye, ariko ku banduye, batizera, nta kidahumanye, arik’ ubgenge bgabo n’imitima ibāgiriza vyaranduye.