Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 15:31 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

31 Uko ni ko muzotandukanya Abisirayeli n’ubuhumane bgabo, kugira ngo boye gupfa bahōwe ubuhumane bgabo bgo kwanduza ihema ryanje riri hagati muri bo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 15:31
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Arik’ umuntu azoba ahumanye, ntiyihumanuze, uwo muntu az’ acibge mw ishengero, kukw azoba ahumanije Ahēra hanje, jewe Uhoraho; ayo mazi ahumanura kw azoba atayamijweko, azoba agihumanye.


Ni co gituma ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, kuko wahumanishije ahēra hanje ibintu vyawe vyankwa urunuka, n’ibizira vyawe vyose, ni co gituma nanje ntazobura kugutūvya; ijisho ryanje ntirizogira ico riziguriza, kandi nta n’akagongwe nzogira.


Ūzokora ku kiziga c’umuntu uw’ ari we wese, ntiyihumanuze, azoba ahumanije ihema ryanje, jewe Uhoraho; uwo muntu az’ acibge mu Bisirayeli. Kw azoba atāmījwekw ayo mazi ahumanura, azoba agihumanye: azoba akirik’ ubuhumane bgiwe.


Ikigeretseko bankoreye n’ikindi: kur’ uwo musi nyene bahumanije ahēra hanje, kandi bazirūye n’amasabato yanje.


ar’ icitwa izinamuhungu cank’ izinamukobga, mubakūreho, mubashire hirya y’aho mushagaje, kugira ngo ntibahahumanye, kand’ ari ho mba hagati.


Kuko hariho bamwe bābājemwo binyegeteza, bandikiwe kera gucirwakw iryo teka, batubaha Imana, bahindura ubuntu bg’Imana yacu isoni nke, bakīhakana Yesu Kristo, ni we wenyene Databuja n’Umwami wacu.


Mugira ng’umuntu ntazoba akwiye guhanwa ibirushirije cane, asiribanze Umwana w’Imana, akiyumvira amaraso y’isezerano yamwejeje kw ar’ igihumane, agacokora Mpwemu w’ubuntu?


Umuntu ni yonona urusengero rw’Imana, Imana izomurandura; kuk’ urusengero rw’Imana ar’ urwera, kand’ urwo rusengero ni mwebge.


Baze bigishe abantu banje gutandukanya ivyera n’ibitar’ ivyera, babamenyeshe itandukaniro ry’ibihumanye n’ibidahumanye.


Kand’ azosezerana na benshi isezerano rikomeye kumara iyinga rimwe: ni ryagera hagati azokūrah’ ibimazi n’amashikanwa; ūgeseza azoza kw ibaba ry’ibizira; maz’ ubuyobe buzosukwa kur’ uyo ageseza, gushitsa ku muhero washinzwe.


Iyaba nari nshize umutima wanje ku vyo kugabitanya Umwami Imana ntaba yaranyumviye.


Muze mwitwaririke ivy’ indwara y’imibembe, kugira ngo mugire umwete wo kwitondera no gushitsa ivyo abaherezi ari bo Balewi bazobigisha vyose; nk’ukw abo nabibageze, az’ abe ari ko namwe muvyitondera, mubishitse.


Mugabo ntaze yēgēre ca gihuzu gikingīra Ahēra cane, canke ngo yēgēre igicaniro, kukw azoba afise agasembga, kugira ngo yoye guhumanya ahēra hanje ah’ ari ho hose: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Nanje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, ndamurandure mu bgoko bgabo, ndamuhōye gushikanira Moleki uwo mu bana biwe, akanduza Ahēra hanje, agatukisha izina ryanje ryera.


Muze mwitondere amasabato yanje, mwubahe Ahēra hanje: ni jewe Uhoraho.


Ico ni co cagezwe c’indwara yo mu buryo bg’imibembe ifashe umwambaro, ar’ uwajishwe mu bgoya bg’intama canke mu nyuzi zera derere, igafata kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto, ngo babone kuvuga ko gihumanye canke ko kidahumanye.


vyo gutandukanya igihumanya n’ikidahumanya, n’icoribga mu bigenda n’ikitoribga.


Ivyo ni vyo vyagezwe vy’ umunyagisokoro, n’ivy’ ūvubgamwo n’intanga ziwe, bikamuhumanya;


Ni co catumye ndahira ab’ inzu ya Eli, yukw ibigabitanyo vyabo bitazotangirwa impongano, n’iyo coba ikimazi cank’ ishikanwa, gushitsa ibihe vyose.


riti Mwana w’umuntu, ab’ inzu ya Isirayeli igihe bāba mu gihugu cabo, bācononesha ingeso zabo n’ibikorwa vyabo: ingeso zabo imbere yanje zambereye nk’umugore ari mu miziro.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ