30 uwo muherezi abitange kw ibimazi, kimwe co gutangirwa ivyaha, ikindi co kwoswa; nuk’ uwo muherezi amuhongerere imbere yanje, kubg’ ubuhumane bgiwe.
Ku musi ugira umunani, yijanire intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, abishīre umuherezi ku muryango w’ihema ry’ibonaniro;
Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.