18 Kand’ uwo mugabo ni yaramuka aryamanye n’umugore, bompi biyuhagire, bakomeze kuba abahumanye gushitsa ku mugoroba.
Nuko Dawidi atuma intumwa zo kumuzana, aca arenguka i we, bararyamana, kuko yari yihumanuye avuye mu miziro; hanyuma asubira i muhira.
Rāba, nabumbanywe ukugabitanya, Mu vyaha ni ho mama yamvyariye.
Abarira abantu, at’ Umusi ugira gatatu uz’ ushike mwiteguye, kandi ntihaze hagire uwegerana n’umugore.
Kand’ intanga z’umugabo ni zamuvamwo, aze yiyuhagire umubiri wose, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Kand’ umwambaro wose cank’ urusato rwose kirikw izo ntanga, kize kimesurwe, kize gikomeze kiba igihumanye gushitsa ku mugoroba.
Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.
Vyose ndavyemererwa, ariko si vyose bingirira ikimazi. Vyose ndavyemererwa, ariko sinzoganzwa n’ikintu na kimwe.
Muhunge ubushakanyi. Icaha cose umuntu akora s’ic’ umubiri, arik’ ūshakana aba acumuye ku mubiri wiwe.
Ariko kwifuza kw’ubusore uguhunge, maz’ ukurikire ukugororoka n’ukwizera n’urukundo n’amahoro, ufatanya n’abambaza Umwami wacu n’imitima itanduye.
Umubano w’abābīranye ni wubahwe na bose, kand’ uburiri bgabo bgoye guhumanywa: kukw abashakanyi n’abasambanyi Imana izobacirakw iteka.
Abo nkunda, ndabinginga, ko mur’ inyambukīra n’ingenzi mwirinde ivyifuzo vy’umubiri birwanya ubugingo;