Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 15:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kand’ umunyagisokoro ni yagera guhumanurwa igisokoro ciwe, az’ aharūre imisi ndwi yo guhumanurwa, amesure impuzu ziwe; yiyuhagire mu mazi yavomwe mu mbizi, abone guhumanuka.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 15:13
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo abe ari vyo uzogirira Aroni n’abana biwe, nk’uko ndabikugeze vyose: uz’ umare imisi ndwi ukora ivyo kubinjiza mw ibango.


Uz’ umare imisi ndwi utangira impongano ico gicaniro, uceze; maze kizoba icera cane; ikizogikorako cose kizoba kibaye icera, kibe inyegu yaco.


Nzobōza ibigabitanyo vyabo vyose, ivyo bangabitanijeko; nzobaharira ibigabitanyo vyabo vyose bangabitanijeko n’ivyo bancumuyeko.


Ku musi ugira umunani aze yābīre abana b’ intama babiri b’amasuguru, batagira agasembga, n’inyana y’intama itarengeje umwaka itagira agasembga, bo n’ibice bitatu vy’icumi vy’ingero y’ifu igogōretse vyo kuba ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo, n’ingero imwe yitwa logi y’amavuta ya elayo.


Nyene guhumanurwa aheze amesure impuzu ziwe, yimoshe ahamera umushatsi hose, yiyuhagire, azoba ahumanutse, abone kugaruka aho mushagaje; arikw amare imisi ndwi abe hanze inyuma y’ihema ryiwe.


Ariko ni yaramuka ageze guhumanurwa ubgo buhumane bgamuvuyemwo, az’ aharūre imisi ndwi, hanyuma abone guhumanuka.


Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Ntimuze mutirimuke ngo muve ku muryango w’ihema ry’ibonaniro kumara imisi ndwi, gushitsa ah’ imisi yanyu yo gushikirizwa iryo bango izoshirira: kuko muzomara imisi ndwi murishikirizwa.


Maze ku musi ugira umunani, Mose ahamagara Aroni n’ abana biwe n’abakuru bo mu Bisirayeli;


Uhoraho aramwishura, at’ Iyaba se yamuciriye amate mu maso gusa, ntiyomaze imisi ndwi amāramāra? Ni bamwugaranire inyuma y’aho mushagaje, amare imisi ndwi, aheze abone kugaruka.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


Mwiyegereze Imana, na yo izobēgēra. Yemwe banyavyaha, ni mukarabe: yemwe ab’ imitima ibiri, ni mwiyeze imitima.


no kuri Yesu Kristo, icabona co kwizigirwa, imfura y’abari barapfuye, ūganza abami bo mw isi. Umwe adukunda, yatubohoje ivyaha vyacu amaraso yiwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ