Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 14:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Nyene guhumanurwa aheze amesure impuzu ziwe, yimoshe ahamera umushatsi hose, yiyuhagire, azoba ahumanutse, abone kugaruka aho mushagaje; arikw amare imisi ndwi abe hanze inyuma y’ihema ryiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 14:8
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ umwami Uziya arinda atanga akir’ umunyamibembe, aba mu nzu ya wenyene kubg’ imibembe yiwe, kukw atemerewe kuza mu ngoro y’Uhoraho; maze Yotamu umwana wiwe ni we yagaba ivyo mu rugo i bgami, agacira abantu bo mu gihugu imanza.


Uhoraho abarira Mose, ati Genda ku bantu, ubabgire biyeze uyu musi n’ejo, bamesure impuzu zabo,


Nuko Mose aramanuka, ava kur’ uwo musozi, aja iy’ abantu bari, arababgira bariyeza, bamesura impuzu zabo.


kandi n’uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Uwo muherezi atangire ku gicaniro ico kimazi co kwoswa bo na rya shikanwa ry’ifu; uko ni kw azoba amuhongeye, na we azoba yejejwe.


Ku musi ugira indwi yimoshe umushatsi wose wo ku mutwe, n’ubganwa n’ibigohe, amwe n’ uwundi wose; aheze amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abe ahumanutse.


Kand’ umunyagisokoro ni yagera guhumanurwa igisokoro ciwe, az’ aharūre imisi ndwi yo guhumanurwa, amesure impuzu ziwe; yiyuhagire mu mazi yavomwe mu mbizi, abone guhumanuka.


Mose araheza azana Aroni n’abana biwe, arabuhagira.


Kandi ni hagira umuntu agwa bukumbi i ruhande yiwe, akanduza umutwe w’ubunaziri bgiwe, ku musi wo guhumanurwa kwiwe aze yimoshe: ku musi ugira indwi az’ abe ari ho yimosha.


Uku abe ari k’ugenza mu kubahumanura: ubacucagire amazi y’impongano y’ivyaha, bamweshe urupfuhe ku mubiri wabo wose ahamobga, bamesure impuzu zabo, bihumanure.


Ayo ni yo abakiza namwe ubu, mu buryo bg’ikigereranyo c’ukubatizwa, s’ugukūrah’ imvyiro zo ku mubiri, ariko n’isezerano ry’umutima utāgiriza ikibi usezeranye ku Mana, abakirisha ukuzuka kwa Yesu Kristo,


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ