Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 14:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Aheze ayacucagire ibihetangabo ndwi kur’ uwo nyene guhumanurwa ngw avekw imibembe, avuge kw ahumanutse, arekurire iyo nyoni idora mu gahinga.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 14:7
29 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Elisa araheza amutumako, uti Genda wiyuhagire muri Yorodani ibihetangabo ndwi, umubiri uraca usubira uko wahora, nawe uzoba uhumanutse.


Nukw aramanuka, yībira muri Yorodani ibihetangabo ndwi, nk’uk’ uwo muntu w’Imana yari yamubariye. Ako kanya umubiri wiwe uhinduka nk’uw’ umwana mutoya, arahumanuka.


Unyuhagire rwose ukugabitanya kwanje, Unyoze icaha canje.


Unyezeshe ezobu, ndera: Unyuhagire ndaba derere kurusha uko shelegi yera.


uko ni kw azojoreza amahanga menshi; abami bazozibira akanwa kabo imbere yiwe: kuko bazobona ico batābgiwe, n’ico batumvise bazocitegereza.


Kandi nzobamijakw amazi meza, mushire imvyiro: nzoboza imyanda yanyu yose, n’ibigirwamana vyanyu vyose.


Amayinga mirongwirindwi agerewe ubgoko bganyu n’igisagara canyu cera, kugira ngw ibicumuro bishire n’ivyaha birangizwe, n’ibigabitanyo bitangirwe impongano, hazanwe ukugororoka kutazoshira, ivyo weretswe n’ivyavugishijwe n’Imana ngo bimatanishwe ishashara idomwemw’ ikimenyetso, ahēra cane harobanuzwe amavuta.


uwo muherezi amusuzume: maze ni yabona iyo mibembe imukwiye umubiri wose, az’ avuge yuk’ uyo yafashwe n’iyo ndwara adahumanye: umubiri wiwe ko wahindutse ukēra hose, ntahumanye.


na we amusuzume; maze ni yasanga aho hārwaye hahindutse, hakēra, uwo muherezi avuge ko yahumanutse: azoba atagihumanye.


yābīre iyo ngegene y’isederi, n’iyo ezobu, n’utwo tunyuzi dusa n’agahama, n’iyo nyoni ikidora, abijōbeke mu maraso y’iyo nyoni yakerewe no mur’ ayo mazi yavomwe mu mbizi, acucagire kur’ iyo nzu ibihetangabo ndwi.


Kandi yābīre ku maraso ya ya masa, ayacucagize urutoke kur’ uwo mutemere wo guhongerako ku ruhande rw’i burasirazuba, atekw ayacucagize urutoke nyene imbere y’iyo ntebe ibihetangabo ndwi.


Aheze agicucagirekw ayo maraso n’urutoke rwiwe ibihetangabo ndwi, agihumanure, aceze kugira ngo kivek’ ubuhumane bg’Abisirayeli.


Iyo mpene igende yikoreye ibigabitanyo vyabo vyose, ibijane ahataba abantu; uwo muntu ayishiburire mu bugaragwa.


ajōbeke urutoke rwiwe mur’ ayo maraso, ayacucagire ibihetangabo ndwi imbere yanje, hino ya ca gihuzu.


ajōbeke urutoke rwiwe mur’ ayo maraso, ayacucagire ibihetangabo ndwi imbere yanje, hino ya ca gihuzu gikingiriye Ahēra cane.


Ayacucagira ku gicaniro ibihetangabo ndwi, arayakirobanuza bo n’ibintu vyaco vyose, bo n’ikigārigāri co gukaraba n’intebe yaco, ngw avyeze.


Uzoduhindukirira utugirire ikigongwe; uzosiribangira ibigabitanyo vyacu musi y’ ibirenge vyawe: kand’ uzoterera ivyaha vyacu vyose i bgina mu kiyaga.


aze yihumanuze ayo mazi ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi, abone guhumanuka; ariko n’atihumanura kur’ uwo musi ugira gatatu no ku wugira indwi, ntazoba ahumanutse.


arik’ umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu; ako kanya hava amaraso n’amazi.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


mwegereye na Yesu, umuhūza ahesha isezerano risha, mwegereye n’amaraso acucagirwa, avuga ivyiza kurusha aya Abeli.


Non’ amaraso y’impene n’ay’ amapfizi bo n’umunyota w’inka y’iriza ucucagiwe abahumanye, ko vyeza imibiri igahumanuka,


Mose amaze kubgira abantu bose amabgirizwa yose nk’uko vyagezwe, yābīra amaraso y’amashūri n’ay’ impene n’amazi n’ubgoya bg’intama buzigishijwe agahama, yābīra na ezobu, acucagira igitabo c’ivyagezwe, bo n’abantu bose,


Kand’ ihema n’imbombovu zose z’ivy’ ubuherezi, na vyo n’uko abicucagira amaraso.


kukw iyo biba birtyo, aba yar’ akwiye kubabazwa kenshi uhereye ku kuremwa kw’ isi. Yamar’ ubu yabonetse rimwe kw iherezo ry’ibihe, kugira ngw akūzeh’ icaha ukwitanga.


mwatoranirijwe mu kweza kwa Mpwemu nk’ukw Imana Data wa twese yabamenye uhereye kera, kugira ngo mwumvire Imana, mucucagirwe amaraso ya Yesu Kristo. Ubuntu n’amahoro bigwire muri mwebge.


Ni we Yesu Kristo yaje agaca mu mazi no mu maraso: si mu mazi yonyene, ariko ni mu mazi no mu maraso.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ