Ico ni co cagezwe c’indwara yo mu buryo bg’imibembe ifashe umwambaro, ar’ uwajishwe mu bgoya bg’intama canke mu nyuzi zera derere, igafata kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto, ngo babone kuvuga ko gihumanye canke ko kidahumanye.
Muze mwitwaririke ivy’ indwara y’imibembe, kugira ngo mugire umwete wo kwitondera no gushitsa ivyo abaherezi ari bo Balewi bazobigisha vyose; nk’ukw abo nabibageze, az’ abe ari ko namwe muvyitondera, mubishitse.