Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 14:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 umuherezi avuge ko bakererera imwe mur’ izo nyoni hejuru y’ikintu c’ikibumbano, kirimw’ amazi yavomwe mu mbizi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 14:5
8 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

avuge ko bazanira uyo agira ahumanurwe inyoni zibiri zibona, zitar’ izo mu zizira, n’ingegene y’igiti c’isederi, n’utunyuzi dusa n’agahama, n’ utubabi twa ezobu;


Aheze akererere imwe mur’ izo nyoni hejuru y’ ikintu c’ikibumbano, kirimw’ amazi yavomwe mu mbizi:


Aheze yābīre imwe ikidora, na ya ngegene y’isederi, na twa tunyuzi dusa n’agahama, na ezobu, abijobekane na ya nyoni ikidora mu maraso ya ya nyoni yakererewe hejuru y’amazi yavomwe mu mbizi.


uwo muherezi aheze yābīre amazi yejejwe mu kintu c’ikibumbano, yābīre no ku mukungugu wo hasi mw ihema, awushire mur’ ayo mazi.


Kukw intege nke zāteye kw abambga, ariko non’ ariho kubg’ ubushobozi bg’Imana. Natwe tur’ abanyantege nke muri we, ariko tuzobanaho na we, kubg’ ubushobozi bg’Imana tubereyeho mwebge.


Ariko dufise ubgo butunzi mu nzavya z’ibumba, ng’ ubushobozi buhebuje bube ubg’ Imana, butavuye kuri twebge.


Turazi yukw inzu y’urusago yacu yo kw isi ni yaramuka isambuwe, dufise inyubako iva ku Mana, inzu itubatswe n’amaboko, itazoshira yo mw ijuru.


Nuko rero, kukw abana bahūje inyama n’amaraso, na we ubgiwe yahūje ivyo na bo, kugira ngw abone ukw apfa, kand’ urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ