41 Atekw avuge ko bahomōra iyo nzu imbere hose, kand’ ivyo bihome bahomōye babisēse ha hantu hahumanye, inyuma y’igisagara.
bakicara hagati y’imva, bakarāra mu bitabo ahihishije; bakarya inyama z’ingurube, kandi mu nzavya zabo hakabamw’ umufa w’inyama z’ibizira;
Na bo bazosangangura inzitiro z’i Tiro, bahomvore iminara yaho: nanje umukungugu waho nzowukukumba, mpahindure urutare rugaragara.
avuge ko basambura amabuye afashweko n’iyo ndwara, bayaterere ahantu hahumanye, inyuma y’igisagara.
Baheze bazane ayandi mabuye, bayasanishe aho basambuye ya yandi, bazane n’iyindi ngwa, bahome iyo nzu.
Maze bayisambure, amabuye yayo, n’ibiti vyayo, n’ibihomōtse kuri yo vyose, babikūre mu gisagara, babijane ahantu hahumanye.
azomucamwo kubiri, amusangize umugabane wiwe n’indyarya: ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z’amenyo.
Afashe hakurya mu gihugu c’Abagadareni, babiri binjiwemwo n’abadayimoni baramusanganira bava mu masenga y’imva, bari bakaze cane, bituma ata wushobora guhita mur’ iyo nzira.
Mur’ abo, umwe ni Humenayo na Alekisandero, abo nahaye Satani, kugira ngo bibigishe kutarogota.
Inyuma hazoba imbga n’abarozi n’abashakanyi n’abicanyi n’abasenga ibigirwamana, n’umuntu wese akunda kubesha akabikora.