Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 14:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 avuge ko bazanira uyo agira ahumanurwe inyoni zibiri zibona, zitar’ izo mu zizira, n’ingegene y’igiti c’isederi, n’utunyuzi dusa n’agahama, n’ utubabi twa ezobu;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 14:4
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Unyezeshe ezobu, ndera: Unyuhagire ndaba derere kurusha uko shelegi yera.


Mwiyabīrire agakama ka ezobu, mukajōbeke mu maraso ari mu rwavya, mumijagire ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, ntihaze hagire umuntu n’umwe muri mwebge asohoka mu nzu yiwe gushitsa mu gitondo.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa azompa ni caba ar’ inyoni, az’ atange intunguru cank’ ivyana vy’ inuma.


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwagazi w’intama, az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri; imwe y’ikimazi co kwoswa, iyindi y’ikimazi co gutangirwa ivyaha: nuk’ umuherezi amuhongere, na we azoba ahumanutse.


umuherezi avuge ko bakererera imwe mur’ izo nyoni hejuru y’ikintu c’ikibumbano, kirimw’ amazi yavomwe mu mbizi.


Aheze yābīre imwe ikidora, na ya ngegene y’isederi, na twa tunyuzi dusa n’agahama, na ezobu, abijobekane na ya nyoni ikidora mu maraso ya ya nyoni yakererewe hejuru y’amazi yavomwe mu mbizi.


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.


Umuntu adahumanye aheze yābīre utubabi twa ezobu, atujobeke mur’ ayo mazi, ayacucagire kuri rya hema, no ku mbombovu zose, no ku bantu bāri muri ryo, no ku wakoze kw igufa canke ku wishwe canke ku kiziga kindi canke ku mva.


Maz’ umuherezi yābīre ingegene y’igiti c’isederi, n’utubabi twa ezobu, n’utunyuzi dusa n’agahama, abiterere hagati mu muriro ah’ iyo nka ituririwe.


Mose amaze kubgira abantu bose amabgirizwa yose nk’uko vyagezwe, yābīra amaraso y’amashūri n’ay’ impene n’amazi n’ubgoya bg’intama buzigishijwe agahama, yābīra na ezobu, acucagira igitabo c’ivyagezwe, bo n’abantu bose,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ