Mwiyabīrire agakama ka ezobu, mukajōbeke mu maraso ari mu rwavya, mumijagire ayo maraso hejuru y’umuryango no ku bishimaryango vyompi, ntihaze hagire umuntu n’umwe muri mwebge asohoka mu nzu yiwe gushitsa mu gitondo.
Aheze yābīre imwe ikidora, na ya ngegene y’isederi, na twa tunyuzi dusa n’agahama, na ezobu, abijobekane na ya nyoni ikidora mu maraso ya ya nyoni yakererewe hejuru y’amazi yavomwe mu mbizi.
Umuntu adahumanye aheze yābīre utubabi twa ezobu, atujobeke mur’ ayo mazi, ayacucagire kuri rya hema, no ku mbombovu zose, no ku bantu bāri muri ryo, no ku wakoze kw igufa canke ku wishwe canke ku kiziga kindi canke ku mva.