34 ati Ni mwamara gushika mu gihugu c’i Kanani, ico mbahaye kuba ishamvu yanyu, ngatera inzu yo mu gihugu c’ ishamvu yanyu indwara yo mu buryo bg’imibembe;
Kandi wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, nzobaha iki gihugu wabayemw’ ur’ inyambukīra, ni co gihugu cose c’i Kanani, kuba ishamvu y’ibihe vyose: na bo nzoba Imana yabo.
ati Barira Abisirayeli, uti Ni mwashika mu gihugu nzobaha, mukimbura ivyimburo vyaho, muze mwame mushīra umuherezi umukama wo ku vyimburwa vyanyu vy’umushuzo:
Aya ni yo mabgirizwa n’ ivyashinzwe mukwiye kuzokwitondera, mukabishitsa, imisi yose muzoba muriho mw isi, muri mu gihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza banyu yabahaye ngo mucegukire.
ati N’udūge mur’ iyi misozi yo muri Abarimu, urinde ushika ku musozi Nebo, uri mu gihugu c’i Mowabu, aharābana n’i Yeriko; witegereze igihugu c’i Kanani nahaye Abisirayeli kw ishamvu.