30 Kand’ atange imwe muri za ntunguru canke kimwe muri vya vyana vy’inuma, ivy’ uwo ashoboye kuronka;
Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwagazi w’intama, az’ azane intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri; imwe y’ikimazi co kwoswa, iyindi y’ikimazi co gutangirwa ivyaha: nuk’ umuherezi amuhongere, na we azoba ahumanutse.
bo n’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri, ivy’ azoshobora kuronka; kimwe kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.
Ayandi mavuta asigaye ku rushi rwiwe, uwo muherezi ayasīge mu mutwe w’uwo arikw arahumanurwa, kugira ngo bimubere impongano imbere yanje.
atange ku vy’uwo ashoboye kuronka, kimwe kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ico kwoswa, hamwe n’ishikanwa ry’ifu: uwo arikw arahumanurwa, umuherezi amuhongerere imbere yanje.
Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.
kandi ngo batange ikimazi, nk’uko vyavuzwe mu vyagezwe n’Umwami Imana, ngw Intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri.
Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,