Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 14:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Na we aheze agende inyuma y’aho mushagaje, asuzume uwo munyamibembe; maze ni yasanga iyo ndwara y’imibembe ikize,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 14:3
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nukw aramanuka, yībira muri Yorodani ibihetangabo ndwi, nk’uk’ uwo muntu w’Imana yari yamubariye. Ako kanya umubiri wiwe uhinduka nk’uw’ umwana mutoya, arahumanuka.


Bukeye abarira inabuja, at’ Icompa databuja akaja k’ūvugishwa n’Imana aba i Samariya! Yomukiza iyo mibembe yiwe.


Kukw ari yo ikomeretsa, kand’ ikaba ari yo isomōra; Irakubita, kand’ amaboko yayo akaba ari yo atīmbūra.


Arababarira, ati Ni mwagira umwete wo kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mugakora ibitunganye mu nyonga ziwe mukumvira ivyagezwe vyiwe, mukitondera ivyo yihanikirije vyose, ngo Nta ndwara azobateza nk’ izo yateje Abanyegiputa; ngo Kukw ari we Uhoraho, abakiza indwara.


at’ Umuntu ni yagira igishundu, cank’ akagira ibintu bitongangiye, cank’ akagira ikibibi, ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba, ico kintu kigahinduka indwara y’imibembe aho nyene ku rukoba rwiwe, baze bamuzanire Aroni umuherezi, cank’ umwe wo muri bene Aroni abaherezi.


Imisi yose akirwaye iyo ndwara azoba ahumanye; mber’ azoba ar’ igihumane, abe ukwiwe: az’ abe hirya y’aho mushagaje.


Na ho umuherezi ni yinjira, akayisuzuma, agasanga iyo ndwara itunguruje ku nzu, imaze guhomwa; uwo muherezi avuge kw ihumanutse, kukw iyo ndwara ikize.


Mukize abarwaye, muzure abapfuye, mukize abanyamibembe, musende abadayimoni. Mubiherewe ubusa, mubitangire ubundi.


Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


Kandi hārih’ abanyamibembe benshi mu Bisirayeli mu gihe c’uwavugishwa n’Imana Elisa, ntihākizwa n’umwe muri bo, atari Namani Umusiriya.


Maz’ arabishura, ati Ni mugende, mubarire Yohana ivyo mubonye n’ivyo mwumvise. Impumyi zirahumūka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abāpfuye barazurwa, aboro barabgirwa ubutumwa bgiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ