Ico ni co cagezwe c’indwara yo mu buryo bg’imibembe ifashe umwambaro, ar’ uwajishwe mu bgoya bg’intama canke mu nyuzi zera derere, igafata kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto, ngo babone kuvuga ko gihumanye canke ko kidahumanye.
Umuntu wese wo mu ruvyaro rwa Aroni yabaye umunyamibembe cank’ afise igisokoro, ntaz’ arye ku vyera gushitsa ahumanutse. Kand’ ūzokora ku kintu ic’ ari co cose cahumanijwe no gukora ku muvyimba, canke ku mugabo intanga zavuyemwo;
Kandi ni hagira umuntu agwa bukumbi i ruhande yiwe, akanduza umutwe w’ubunaziri bgiwe, ku musi wo guhumanurwa kwiwe aze yimoshe: ku musi ugira indwi az’ abe ari ho yimosha.