Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 14:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Uwo muherezi yābīre imwe mur’ ayo masuguru y’intama, ayitangekw ikimazi c’impongano, ayitangane na ya ngero yitwa logi y’amavuta, abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 14:12
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uheze wābīre ibinure vy’iyo mpfizi y’intama, n’umurizo wayo uko wagahometsekw ibinure, n’ urubambanda rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’ amafyigo yompi, n’ibinure bihometse kuri yo, n’igikenye c’ukuguru kwayo kw’i buryo, kukw ar’ impfizi y’intama yo kubinjiza mur’ iryo bango;


ivyo vyose ubishire ku mashi ya Aroni no ku y’abana biwe, ubizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje.


Kandi wābīre inkoro y’iyo mpfizi y’ intama yo kwinjiza Aroni mur’ iryo bango, uyizunguze, ibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje; iyo izoba umwanya wawe.


Yamar’ Uhoraho yashimye kumujanjagura, yaramubabaje; ah’ azotanga ubugingo bgiwe kw ikimazi co gukūrah’ ivyaha, azobona uruvyaro rwiwe, azoramba, ivyo Uhoraho agomba bizoshitswa neza n’ukuboko kwiwe.


Ku musi ugira umunani aze yābīre abana b’ intama babiri b’amasuguru, batagira agasembga, n’inyana y’intama itarengeje umwaka itagira agasembga, bo n’ibice bitatu vy’icumi vy’ingero y’ifu igogōretse vyo kuba ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo, n’ingero imwe yitwa logi y’amavuta ya elayo.


Umuherezi amuhumanura ashire uwo muntu nyene guhumanurwa hamwe n’ivyo bintu, imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


atange ikimazi gitangirwa ivyaha, ahongere uwo arikw arahumanurwa ubuhumane bgiwe; hanyuma akerere ikimazi co kwoswa.


ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ