Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 14:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

10 Ku musi ugira umunani aze yābīre abana b’ intama babiri b’amasuguru, batagira agasembga, n’inyana y’intama itarengeje umwaka itagira agasembga, bo n’ibice bitatu vy’icumi vy’ingero y’ifu igogōretse vyo kuba ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo, n’ingero imwe yitwa logi y’amavuta ya elayo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 14:10
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umwagazi wa mbere uz’ uwutangane n’ifu igogōretse y’ikigiracumi c’ingero yitwa efa, ivanzwe n’amavuta avuye muri elayo zisekuwe y’ikigira kane c’ ingero yitwa hini, utange n’ikigira kane ca hini nyene ya vino, ribe ishikanwa ry’ibiturire.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.


Ikimazi c’umuntu co kwoswa, ni cāba ar’ ico mu busho, az’ atange imasa itagira agasembga: ayitangire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, kugira ngo yemerwe imbere yanje.


Umuherezi amuhumanura ashire uwo muntu nyene guhumanurwa hamwe n’ivyo bintu, imbere yanje ku muryango w’ihema ry’ibonaniro.


Uwo muherezi yābīre imwe mur’ ayo masuguru y’intama, ayitangekw ikimazi c’impongano, ayitangane na ya ngero yitwa logi y’amavuta, abizunguze, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje;


Uwo muherezi aheze yābīre ku mavuta ari muri logi, ayasuke ku rushi rwiwe rw’i bumoso,


Kandi ni yaba ar’ umworo, ntashobore kuronka ibingana birtyo, aze yābīre umwana w’intama w’isuguru, kuba ikimazi c’impongano co kuzunguzwa, ngw acīhongere, bo n’ikigiracumi c’ingero y’ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, co kuba ishikanwa ry’ifu, na logi imwe y’amavuta ya elayo;


Ni hagira umuntu azonshikanira ishikanwa ry’ifu, az’ ashikane īgogōretse; ayisukekw amavuta ya elayo, ayishireko n’ imibavu.


Ntihaze hagire ishikanwa ryakozwe mw ifu munshikanira ryacumbanywe n’umwambiro: kuko mudakwiye kugira umwambiro cank’ ubūki mwosa ngo bibe ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro munshikaniye.


Kand’ ishikanwa ryose ry’ivyakozwe mw ifu muzoshikana muze mubirunge umunyu; ntimuze mugire ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu mushikana ritarimw’ umunyu, kand’ ari wo kimenyetso c’isezerano ryanje, Imana yanyu: ivyo muzotanga vyose muze mubitangane n’umunyu.


Kand’ ishikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu ritanganwa na co rize ribe ibigiracumi bibiri vy’ingero y’ifu igogōretse, ivanze n’amavuta ya elayo; ribe ishikanwa nshikaniwe jewe Uhoraho ritōngōrwa n’umuriro, umubabge umota neza. Kand’ ishikanwa ry’ibiturire ritanganwa na co nyene rize ribe ikigirakane c’ingero yitwa hini ya vino.


Kandi ni yaramuka azanye umwana w’intama kw ishikanwa ry’ikimazi co gutangirwa ivyaha, az’ azane ishashi itagira agasembga.


Maze ku musi ugira umunani, Mose ahamagara Aroni n’ abana biwe n’abakuru bo mu Bisirayeli;


hamwe n’ishikanwa ry’ifu bigendanye, ifu igogōretse ivanzwe n’amavuta ya elayo: iryo kw imasa ribe ibigiracumi bitatu vy’iyo ngero ya efa, iryo ku mpfizi y’intama ribe ibigiracumi bibiri vya efa nyene,


anzanire ishikanwa ryiwe, jewe Uhoraho: azane isuguru imwe y’intama itarengeje umwaka, itagira agasembga, kw ikimazi co kwoswa, bo n’ishashi imwe y’ intama itarengeje umwaka nyene, itagira agasembga, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama imwe itagira agasembga kw ikimazi c’ishimwe,


Ishikanwa ryiwe n’isahani imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli ijana na mirongwitatu, n’ibakure imwe y’ifeza, kuriba kwayo ni shekeli mirongwirindwi zagezwe kuri shekeli ir’ Ahēra; vyompi vyari vyuzuye ifu igogōretse ivanze n’amavuta ya elayo, kw ishikanwa ry’ifu;


Bun’ aca akira imibembe yiwe. Yesu aramubgira, ati Wirinde, ntugire uwo ubgira, ariko genda wiyereke umuherezi, utange ishikanwa ryagezwe na Mose, ribe ikimenyetso kibabere icabona.


aramubarira, ati Wirinde, ntugire uwo ubikerukiriza, ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yageze, bibe ikimenyetso kibabere icabona.


Aramwihanikiriza, ngo ntagire umuntu abibarira, at’ Ariko genda, wiyereke umuherezi, utange ivy’ uguhumanurwa kwawe, nk’uko Mose yabgirije, bibe ikimenyetso kibabere icabona.


Bukeye bg’aho abona Yesu aza kuri we, aravuga, ati Nguyu Umwagazi w’intama w’Imana ukūrah’ icaha c’abari mw isi.


Kuk’ umutsima w’Imana ar’ ūmanuka uva mw ijuru, ugaha abari mw isi ubugingo.


Ni jewe mutsima w’ubugingo wamanutse uvuye mw ijuru; ni hagira ūrya kur’ uwo mutsima azohorah’ ibihe bidashira: kand’ umutsima nzobaha n’umubiri wanje, utangirwa abari mw isi ngo bagire ubugingo.


ariko mwacungujwe amaraso y’igiciro kinini, nk’ay’ umwagazi w’intama utagira agasembga cank’ ibara, ni yo ya Kristo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ