Abalewi 14:10 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)10 Ku musi ugira umunani aze yābīre abana b’ intama babiri b’amasuguru, batagira agasembga, n’inyana y’intama itarengeje umwaka itagira agasembga, bo n’ibice bitatu vy’icumi vy’ingero y’ifu igogōretse vyo kuba ishikanwa ry’ifu ivanze n’ amavuta ya elayo, n’ingero imwe yitwa logi y’amavuta ya elayo. အခန်းကိုကြည့်ပါ။ |
Kand’ ishikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu ritanganwa na co rize ribe ibigiracumi bibiri vy’ingero y’ifu igogōretse, ivanze n’amavuta ya elayo; ribe ishikanwa nshikaniwe jewe Uhoraho ritōngōrwa n’umuriro, umubabge umota neza. Kand’ ishikanwa ry’ibiturire ritanganwa na co nyene rize ribe ikigirakane c’ingero yitwa hini ya vino.