7 Arikw amaze guheza kwiyereka umuherezi, akezwa, ico gisekera kikunguruza inyuma ku rukoba, aze yongere kwiyereka umuherezi.
Nta hazima mu mubiri wanje kubg’ ubushangashirwe bgawe; Nta buruhukiro mu magufa yanje kubg’ ivyaha vyanje.
at’ Umuntu ni yagira igishundu, cank’ akagira ibintu bitongangiye, cank’ akagira ikibibi, ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba, ico kintu kigahinduka indwara y’imibembe aho nyene ku rukoba rwiwe, baze bamuzanire Aroni umuherezi, cank’ umwe wo muri bene Aroni abaherezi.
Ku musi ugira indwi, uwo muherezi amusuzume; maze ni yasanga cunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ indwara y’imibembe.
Ku musi ugira indwi, yongere amusuzume; nuko ni yabona iyo ndwara irikw irazimangana, itunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw adahumanye: kizoba car’ igisekera; uwo muntu agende amesure impuzu ziwe, abe uwejejwe.
Uwo muherezi amusuzume, maze ni yabona ico gisekera cunguruje koko aho nyene inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ imibembe.
Ku musi ugira indwi, uwo muherezi agaruke, ayisuzume; maze ni yasanga iyo ndwara yunguruje ku bisika vy’iyo nzu,