Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 13:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Ku musi ugira indwi, yongere amusuzume; nuko ni yabona iyo ndwara irikw irazimangana, itunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw adahumanye: kizoba car’ igisekera; uwo muntu agende amesure impuzu ziwe, abe uwejejwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 13:6
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

hakagira ūsenga akinginga, naho yoba umuntu umwe cank’ abantu bawe bose b’Abisirayeli, umuntu wese ukw azoba yimenyekw indwara yo mu mutima wiwe, akagaranzura amaboko ayatumbereje iyi ngoro;


nuk’ uze wumve ugusenga kwabo n’ugutakamba kwabo uri mw ijuru, ubaroranirize ivyabo.


Ni nde ashobora kwimenyakw amafuti? Ntumparūrekw ivyaha vyanyinyegeje.


Ni nde yoshobora kuvuga, ati Niyogeje umutima, Nihumanuye icaha canje?


N’ukuri nta mugororotsi ariho kw isi akora ivyiza ntacumure.


Ntazohohosha irenga rivunitse, n’urumuri ruyenga ntazoruzimya: azoshikana amateka mu vy’ukuri.


kandi n’uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Kandi n’ uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ivyo n’ ibihumanya kuri mwebge.


Kandi horamuka har’ ūriye ku muvyimba waco, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba; n’uwoterura umuvyimba waco, na we az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


at’ Umuntu ni yagira igishundu, cank’ akagira ibintu bitongangiye, cank’ akagira ikibibi, ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba, ico kintu kigahinduka indwara y’imibembe aho nyene ku rukoba rwiwe, baze bamuzanire Aroni umuherezi, cank’ umwe wo muri bene Aroni abaherezi.


Ku musi ugira indwi uwo muherezi amusuzume; ni yasanga iyo ndwara itayegayeze, ngo yunguruze inyuma ku rukoba, uwo muherezi asubire amwugarane kumara iyindi misi ndwi.


Arikw amaze guheza kwiyereka umuherezi, akezwa, ico gisekera kikunguruza inyuma ku rukoba, aze yongere kwiyereka umuherezi.


Nyene guhumanurwa aheze amesure impuzu ziwe, yimoshe ahamera umushatsi hose, yiyuhagire, azoba ahumanutse, abone kugaruka aho mushagaje; arikw amare imisi ndwi abe hanze inyuma y’ihema ryiwe.


Ūdakomeye mu vyizerwa, mumwemere, ariko s’ukumuhāririza ku vy’ akekeranya.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


Barayihemukiye, ntibakir’ abana bayo, ariko vyabateye agasembga: N’ab’ urunganwe rw’ibidambidambi bagoramye.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.


Kuko twese dutsitara muri vyinshi. Umuntu wese adatsitara mu vy’avuga, aba ar’ umuntu atunganye rwose, ashobora no kuganza umubiri wiwe wose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ