54 avuge ko bamesura ico iyo ndwara yafashe, aheze acugarane kumara iyindi misi ndwi.
Arik’ uwo muherezi ni yasuzuma, akabona iyo ndwara itunguruje kur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto;
Maz’ ico kintu indwara yafashe, uwo muherezi az’ agisuzume, kimaze kumesurwa; nuko ni yasanga ah’ iyo ndwara yafashe hadahinduye ibara, kand’ iyo ndwara itunguruje, na ho nyene kizoba gihumanye; kize giturirwe: izoba ar’ iyo ndwara igenda irarya, naho coba kibaye inkūte imbere cank’ inyuma.