Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 13:52 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

52 Aheze aturire uwo mwambaro, iyo ndwara namba yoba ifashe kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, ari mu nyuzi z’ubgoya bg’intama canke mu zera derere, canke namba yoba ifashe ku kintu cose cakozwe mu rusāto, kukw ar’ imibembe igenda irarya; ico kintu kize giturirwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 13:52
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi muzotitura ifeza yometse ku bishushanyo vyanyu vy’ibibāzano, n’izahabu yometse ku bishushanyo vyanyu vyavugutiwe mu nkero; muzobishibura rwose nk’ikintu gihumanye, mubibarire, muti Vaho, mugende!


Kand’ ikibumbano cose cokorokerwamwo na kimwe muri vyo, ivyoba muri co vyose vyoba bihumanye, na co ubgaco mwoba mukwiye kukimena.


Ikintu cose cokorokerwako n’icavuye ku muvyimba wavyo coba gihumanye; ar’ iziko cank’ amashiga, coba gikwiye kumenagurwa; ivyo n’ ibihumanya, kandi bizoba ibihumanya kuri mwebge.


Kandi ni hagira umwambaro urikw indwara yo mu buryo bg’ imibembe, n’iyo woba wajishwe mu bgoya bg’intama, canke mu nyuzi zera derere;


iyo ndwara igafata kur’ ico kijishano uko kijishwe kwose, ari mu nyuzi zera derere canke mu z’ubgoya bg’ intama; cank’ igafata ku rusāto, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto;


Ku musi ugira indwi asubire asuzume iyo ndwara; maze ni yasanga iyo ndwara yunguruje kur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke kur’ urwo rusāto, ico rwoba rukora cose; iyo ndwara izoba ar’ imibembe igenda irarya: ico kintu kizoba gihumanye.


Arik’ uwo muherezi ni yasuzuma, akabona iyo ndwara itunguruje kur’ uwo mwambaro uk’ ujishwe kwose, canke ku kintu cose cakozwe mu rusāto;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ