40 Kand’ umugabo ni yavunguka umushatsi, buzoba ar’ ubuhanza, ariko ntazoba ahumanye.
Bukeye avayo, adūga i Beteli; akiri mu nzira arikw aradūga, haza abana b’abahungu bavuye mu gisagara baramutwenga, baramubarira, bati Dūga, busa bg’ubuhanza!
Umutwe wiwe ni nk’izahabu nziza cane, Umushatsi wiwe n’intunda, wirabura nk’igikōna.
Umukobga w’i Diboni aradūze, aja mu bitabo kuririrayo; Abanyamowabu bariko baraborogera i Nebo n’i Medeba: imitwe yabo yose imowe inkomvorera, bo n’ubganwa bgose.
umuherezi az’ abisuzume: maze ni yasanga ivyo bibibi vyo ku mubiri wiwe vyeragurika gusa, bizoba ar’ amabara yadutse inyuma ku rukoba: uyo muntu azoba adahumanye.
Kandi ni yavunguka umushatsi wo mu gitwariro, azoba ar’ ubuhanza yatobotse mu gitwariro, ariko ntazoba ahumanye.
Imisi mikuru yanyu nzoyihindura umuborogo, n’indirimbo zanyu zose zicike agacurantimba; kandi bose nzobakenyeza amagunira, imitwe yose imobge inkomvorera; kandi nzobatera umuborogo nk’uwo baborogera umwana w’umuhungu w’ ikinege, amaherezo yavyo abe umusi w’akabonge.
None rer’ icaha ntikikabe ku ngoma mu mibiri yanyu izopfa, ngo mwumvire ivyo yifuza.
Mbivuze nk’imvugo y’abantu, kubg’ intege nke z’imibiri yanyu. Nk’uko mwaha imibiri yanyu ibiteye isoni n’umugararizo, kuba abagurano bavyo, bigatuma muba abagarariji, abe ari ko na none muha ukugororoka imibiri yanyu, kuba abagurano bakwo, kugira ngo mwezwe.
Bisanzwe Kristo ari muri mwebge, umubiri uba upfuye kubg’ icaha, arikw impwemu ni nzima kubgo kugororoka.
ariko murazi yukw amagara make y’umubiri ari yo yatumye mbabarira ubutumwa bgiza ubga mbere: