Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Abalewi 13:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Na ho ni yasanga ico kibibi co ku mubiri wiwe cera, kandi kidasa n’aho cinjiye imbere mu rukoba, n’ ubgoya bgaho butāhindutse ngo bgere, nuk’ uwo muherezi yugarane uwo murwayi kumara imisi ndwi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Abalewi 13:4
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mbere n’Abalewi bāngiye kure, igihe Abisirayeli bāzimira, bakanta bagakurikira ibigirwamana vyabo, na bo bazogibgako n’ibigabitanyo vyabo.


izoba ar’ imibembe yamaze igihe kirekire mu rukoba rw’umubiri wiwe: uwo muherezi avuge kw ahumanye, ntarinde kumwugarana, kukw ahumanye.


umuherezi az’ ahasuzume; ni yasanga ubgoya bgo mur’ ico kibibi buhindutse, bukēra, kigasa n’icinjiye imbere mu rukoba, izoba ar’ imibembe yaziye muri bga bushe: nuk’ uwo muherezi avuge kw ahumanye; izoba ar’ indwara y’imibembe.


Arik’ umuherezi ni yahasuzuma, agasanga ubgoya bgo mur’ ico kibibi butera, kandi kitinjiye imbere mu rukoba, ariko kiriko kirazimangana, uwo muherezi amwugarane kumara imisi ndwi.


Nuk’ uwo muherezi asuzume iyo ndwara iri ku mubiri wiwe inyuma ku rukoba; maz’ ubgoya bg’aho hantu harwaye, ni yasanga bgahindutse bukēra, iyo ndwara igasa n’aho yinjiye imbere mu rukoba, iyo ndwara izoba ar’ iy’ imibembe: nuk’ uwo muherezi amusuzumye, avuge kw ahumanye.


Arik’ umuherezi ni yasuzuma iyo ndwara y’igiturika, agasanga isa n’ah’ itinjiye imbere mu rukoba, kandi hatar’ umushatsi wirabura, uwo muherezi yugarane uwafashwe n’ iyo ndwara y’igiturika kumara imisi ndwi.


Ku musi ugira indwi uwo muherezi amusuzume; ni yasanga iyo ndwara itayegayeze, ngo yunguruze inyuma ku rukoba, uwo muherezi asubire amwugarane kumara iyindi misi ndwi.


Na we asuzume iyo ndwara, yugarane ico iriko kumara imisi ndwi.


uwo muherezi aheze yisohokere, ave mur’ iyo nzu: ashitse ku muryango, yugare iyo nzu kumara imisi ndwi.


Uhoraho aramwishura, at’ Iyaba se yamuciriye amate mu maso gusa, ntiyomaze imisi ndwi amāramāra? Ni bamwugaranire inyuma y’aho mushagaje, amare imisi ndwi, aheze abone kugaruka.


Nuko bugaranira Miriyamu inyuma y’ aho bashagaje, amara imisi ndwi; maz’ abantu ntibāhaguruka, Miriyamu ataragaruka.


Ni co gituma mudakwiye guca urubanza rw’ikintu na kimwe igihe carwo kitarashika, ni co kuza kw’Umwami wacu, azomurika ivyari vyanyegejwe mu mwiza, kand’ azogaragaza inama zo mu mitima: ni ho umuntu wese azohabga n’Imana ishimwe rimukwiye.


muze mubibariritse, mubicishe agace, mubihwēbūtse mushirutse umwete. Maze ni mwasanga ar’ ivy’ ukuri, ata mazinda, yuk’ ubuyobe bungana burtyo bukorerwa hagati muri mwebge;


Har’ abantu ivyaha vyabo biboneka bikabītangira imbere mu kuja mu rubanza; hari n’abandi bibāza inyuma.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ