32 Ku musi ugira indwi umuherezi az’ asuzume iyo ndwara; maze ni yasanga ico giturika kitunguruje, hatar’ umushatsi ucēkūtse, kandi kidasa n’aho cinjiye imbere mu rukoba,
umuherezi az’ asuzume iyo ndwara; ni yabona isa n’iyinjiye musi y’ urukoba, umushatsi waho ugacēkūka, ukaba intaragande; avuge kw ahumanye: kizoba ar’ igiturika c’imibembe ifatiye mu mutwe canke mu bganwa.
Arik’ umuherezi ni yasuzuma iyo ndwara y’igiturika, agasanga isa n’ah’ itinjiye imbere mu rukoba, kandi hatar’ umushatsi wirabura, uwo muherezi yugarane uwafashwe n’ iyo ndwara y’igiturika kumara imisi ndwi.
baheze bamumwe, arikw ah’ ico giturika kiri ntibahamwe; uwo muherezi asubire yugarane uwafashwe n’ico giturika iyindi misi ndwi.
Arikw ibikorwa vyabo vyose babikora kugira ngo barābge n’abantu, kukw amambe yabo yanditswemw’ amajambo y’Imana bayagira manini, ubuyonga bg’ impuzu zabo bakabgongereza.
Wewe wirata ivyagezwe, mbega ntugayisha Imana kuk’ ubicumurako?