26 Arik’ umuherezi ni yahasuzuma, agasanga ubgoya bgo mur’ ico kibibi butera, kandi kitinjiye imbere mu rukoba, ariko kiriko kirazimangana, uwo muherezi amwugarane kumara imisi ndwi.
Arikw ico kibibi ni kitayegayega ngo cunguruze, kizoba ar’ inkovu ya ca gihute; umuherezi az’ avuge ko yeze.
umuherezi az’ ahasuzume; ni yasanga ubgoya bgo mur’ ico kibibi buhindutse, bukēra, kigasa n’icinjiye imbere mu rukoba, izoba ar’ imibembe yaziye muri bga bushe: nuk’ uwo muherezi avuge kw ahumanye; izoba ar’ indwara y’imibembe.
Ku musi ugira indwi, uwo muherezi amusuzume; maze ni yasanga cunguruje inyuma ku rukoba, avuge kw ahumanye: izoba ar’ indwara y’imibembe.